Mbeg'intumbero ya
Автор: MINEAGRIE BURUNDI TV
Загружено: 2021-01-12
Просмотров: 417
Описание:
Kugirango Dr déo Guide Rurema, umushikiranganji w’Uburimyi ubworozi n’Ibidukikije yirabire aho igejejwe gushirwa mungiro, iyo nayo si iyindi ni intumbero Leta mvyeyi Leta nkozi irongowe na Gén Majr Evariste ndayishimiye yatanze iyicishije mu bushikiranganji bujejwe uburimyi, y’uko umunwa wose utegerezwa kuronka ico ufungura n’umufuko wose ukaronka amafaranga, Yazindutse agendera abarimyi bahurikiye muma koperative atandukanye yo muntara ya kayanza bubanza na cibitoke, atibagiye na bamwe mubikorera utwabo bariko barasahiriza mugushiraho #imirima y’akarorero n’#ubworozi bw’akarorero. Aho hari kuwambere igenekerezo rya 11 nzero umwaka w’i 2021. Akaba yar’aherekejwe n’izindi ndongozi zikorera mubushikiranganji bw’uburimyi ubworozi n’ibidukikije.
Yaragendeye umurima uri mukayanza mukigo kijejwe uburimyi muntara aho amakoperative ariko ararima ibigori muntumbero yo kugwiza umwimbu, ivyo bigori rero mubona nivyo mur’ivyo muri ico kigo kijejwe uburimyi co mukayanza.
Yaragendeye aho umushikiranganji w’intwaro yo hagati mugihugu, iterambere Rusangi n’umutekano Gerevasi NDIRAKOBUCA ariko ararangurira ibikorwa vyo kugwiza imbuto z’ibiraya i muruta muntara ya kayanza, n’ahandi ariko aragwiriza umwimbu w’ibigori n’umuceri muntara ya cibitoke.
Ahandi yagendeye ni mumurima w’ibigori w’akarorero aho umugwizatunga yitwa shoping ariko arakorana n’amwe mumakoperative yo mucibitoke ca rugombo. Uwo murima w’ibigori rero mubona urarenza amahegitari amajana abiri.
Iyindi ntumbero igira kabiri n’ukwirabira uko ariko arakoreshwa ayo nayo ni amatongo yagarukanywe muminwe ya reta, agahabwa amakoperative akuwe muminwe y’abari barayihagiye, ubu akaba ariko aragwirizwamwo umwimbu n’amakoperative yayahawe.
Umushikiranganji Rurema ati vy’ukuri twasanze kukivi ibintu bihimbaye neza cane. Ati duhimiriza abantu kuja mumakoperative kugira bakorere hamwe, gurtyo bitworohere kubafasha muvyo bakeneye muburimyi nk’inyigisho, umwavu, imbuto zirobanuye, imiti igwanya udukoko twonona imirima, iyivura indwara z’ibiterwa n’ibindi.
Ati kandi duhimiriza abikorera utwabo kuza gusahiriza muburimyi n’ubworozi kugirango tugwanye inzara dushore n’umusesekara.
Umushikiranganji Gerevasi NDIRAKOBUCA aratubwira icatumye yitaho isuka. Akavunira akagohe abandi ati twese ntitwoguma tuzeye akazi ka reta ati ahubwo dufate iyambere mukurima abenegihugu baturabireko.
Abarimyi bati turabona akarusho kari mugukorera hamwe.
Повторяем попытку...
Доступные форматы для скачивания:
Скачать видео
-
Информация по загрузке: