Nyeniteka SINZOHAGERA yarifadikanije n'izindi ndongozi mu birori bitandukanye
Автор: Inama Nkenguzamateka
Загружено: 2021-04-19
Просмотров: 245
Описание:
Kw'igenekerezo rya 6 Ntwarante uno mwaka, Umukuru w'Inama Nkenguzamateka, Nyeniteka Emmanuel SINZOHAGERA, yaritavye ibirori vyo kwibuka imyaka 27 irangiye Umukuru w'igihugu Nyenicubahiro Cyprien NTARYAMIRA yitavye Imana, vyabereye mu gisagara ca Bujumbura, bihagarariwe n’Umukuru w’igihugu, Nyenicubahiro Général Major Evariste NDAYISHIMIYE.
Ivyo birori bikaba vyatangujwe n'inkuka y’imisa yabereye muri Cathédrale Regina Mundi, irongowe n’umwungere wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura, Musenyeri Gervais BANSHIMIYUBUSA.
Vyarangijwe no gushira ingori z’amashurwe ku ntatemwa y’umuhisi NTARYAMIRA no ku z’abandi bashengeranye na we no kwumviriza ijambo ryiwe ryari rishingiye ku gukomeza discipline mu bisata bitandukanye vy’ubuzima bw’igihugu.
Ivyo birori vyari vyitabwe kandi n'Icegera c'Umukuru w'igihugu, abagize Reta y’Uburundi, abashingamateka n'abakenguzamateka, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, n’abandi ba nyacubahiro batandukanye.
Повторяем попытку...
Доступные форматы для скачивания:
Скачать видео
-
Информация по загрузке: