Vumera Wivuge by Umuyange
Автор: UMUYANGE LEGACY
Загружено: 2025-03-10
Просмотров: 154791
Описание:
"VUMERA WIVUGE" ni uruvyino rw'Ikirundi ruri mu mudiho kama w'Umutsibo.
Bivugwa ko watambwa canecane mu ntara kama y'Ukumoso aho bigaragara ko watambwa n'abigeme gusa. Uwo mudiho na ntaryo ubangabanganywa n'umudiho w'Ihuruma watambwa muri iyo ntara kama nyene, yamara Ihuruma ryoryo rikaba ryatambwa n'abahungu. Bisigura ko runo ruvyino rushobora gutambwa n'abahungu canke abigeme, bamwe bose mu ntambuko zigize umudiho wabo.
AMAJAMBO AGIZE URUVYINO "VUMERA WIVUGE"
------------------------
ICITABIRIZO:
"Ijambo ryawe ni imvumero nk'iy'ubukombe mw'itaba, rihuza ingo z'abasangira umusa bahuza n'ingingo"
UMUHAMIRIZO: VUMERA
1. Inzira ija iwacu ntizimiza n'aho izigura,
Uruciye inyuma muhanyi rwaguha ibinoko,
Bavuzamuryango ba rubere murakaza,
Seruka turabe mu marembo abera inyambo,
Enda rero nyene irabwa,
Enda rero nyene irembo,
Kiremesha nyene ijambo,
NONE WIVUGE..
2. Igihe muserutse nagira yemwe ni simusiga,
Nca nkubita i Bweru nca ndaheza nibuka ubwenge,
Muri somambike shike ntore z'umuryango,
Vyagire i wacu nayo mu ntaba hetebe intumo,
Enda rero nyene irabwa,
Enda rero nyene irembo,
Kiremesha nyene ijambo,
NONE WIVUGE..
3. Erega si ivy'ubu no hambere niko vyamye,
Umushitsi mwiza yigendanira inzimano,
Rusome ni rwanyu nirwakama dukome intango,
Iyo mpabwabantu y'amasaka asange agasongo,
Enda rero nyene irabwa,
Enda rero nyene irembo,
Kiremesha nyene ijambo,
NONE WIVUGE
4. Soma uruhwabare ni umugozi wunga urukundo,
Na hano iwacu ni impamo turagakanya,
Rukutse agatere yamara mukutse agahunda,
Mukutse agahunda nayo uwanka rirwe i Manyika,
Enda rero nyene irabwa,
Enda rero nyene irembo,
Kiremesha nyene ijambo,
NONE WIVUGE..
5. Twabamaze inyota mutumare amakenga se beza,
Duhe iganirwa yamara duhuze ikiyago,
Ingingo ku yindi nimwaheza tuvune isambwe,
Ijambo ni ikindi ni ryo ryamye riremesha,
Enda rero nyene irabwa,
Enda rero nyene irembo,
Kiremesha nyene ijambo,
NONE WIVUGE..
6. Si kwa Butera hamwe ivyaho biteye ukuntu,
Mwanywereye mu nzu yamara mugendere mu nzira,
Mwivuge iteka ko intango iwacu ari babiri ,
Mwitsitaze ingenda murwaguze mudahusha uruza,
Enda rero nyene irabwa,
Enda rero nyene irembo,
Kiremesha nyene ijambo,
NONE WIVUGE..
IBIKORWA
------------
Umwanditsi w'uruvyino: MWENIMANA
Umuhinyanyuzi w'amajwi: MASTERKEY
Uwafashe amasanamu akaba n'umuhinyanyuzi wayo: VYANYUMA SCHADRACK.
Igicapo c'amasanamu: MWENIMANA
ABAKINYI: ABANYWANYI B'UMUYANGE LEGACY
IVYAMBARWA: UMUYANGE LEGACY
IKIBANZA: MUSÉE VIVANT DE BUJUMBURA
Hashimiwe bimwe vy'imvamutima, uburongozi bw'umugwi ndangakaranga UMUYANGE LEGACY, abanywanyi b'uwo mugwi, abakunzi ndetse n'abafatanyabikorwa b'umugwi bo bitanze batiziganya kugira ngo uru ruvyino rushikire Abarundi.
Twamane Ubuntu, urukundo n'akaranga.
Повторяем попытку...
Доступные форматы для скачивания:
Скачать видео
-
Информация по загрузке: