WOGEJWE NA YESU | MU BARI MW'ISI NTA WUGOROROKA | GUHIMBAZA IMANA N°68
Автор: INDIRIMBO ZO GUHIMBAZA IMANA.
Загружено: 2026-03-11
Просмотров: 129
Описание:
Mu bari mw isi nta wugororoka,
Kandi nta wuri no mw ijuru,
Atar' abizera ko bogejwe de
N'amaraso ya Yesu gusa.
Wogejwe na Yesu?
Watunganijwe n'amaraso?
Har' aho yakwuhagij' amaraso?
Mbeg' imyambaro yaw' irera?
Amaraso ya Yesu yogej' artyo
Abanduy' imitima yabo:
Ntimukererw' ariko munyaruke
Mwisuke mu maraso yiwe.
Wogejwe na Yesu?
Watunganijwe n'amaraso?
Har' aho yakwuhagij' amaraso?
Mbeg' imyambaro yaw' irera?
Umukiza ni yaz' agarukanye
Ubgiza no kwubahwa rwose,
Abataribgezwe bazinjir' i we
Mu birori vy'ubukwe bate?
Wogejwe na Yesu?
Watunganijwe n'amaraso?
Har' aho yakwuhagij' amaraso?
Mbeg' imyambaro yaw' irera?
Ntibazohagarar' imbere yiwe,
Bazohinduk' ubgoba gusa,
Wiyambure rer' impuzu zanduye,
Ubone kwambar' iy' ubukwe.
Wogejwe na Yesu?
Watunganijwe n'amaraso?
Har' aho yakwuhagij' amaraso?
Mbeg' imyambaro yaw' irera?
Повторяем попытку...
Доступные форматы для скачивания:
Скачать видео
-
Информация по загрузке: