ycliper

Популярное

Музыка Кино и Анимация Автомобили Животные Спорт Путешествия Игры Юмор

Интересные видео

2025 Сериалы Трейлеры Новости Как сделать Видеоуроки Diy своими руками

Топ запросов

смотреть а4 schoolboy runaway турецкий сериал смотреть мультфильмы эдисон
Скачать

El Malakay - UBUZIMA (Official video) ft Hosy

Автор: El Malakay

Загружено: 2023-06-02

Просмотров: 42360

Описание: Facebook : https://www.facebook.com/profile.php?...
Instagram: https://www.instagram.com/invites/con...

Aguilaaa&Kevin Creator

Nakuze mbona mutama yitanga atiziganya
Mu gikorwa co gusangizanya ubutumwa
Niryo yerekwa rimwe ryabiragira muri we
Gutanga Ubutumwa bwiza bwa Kristo ku bazimiye

Nakuze mbon'igisharizo i muhira
Cari kimanits'aho bahora batekera
Uyu musi kimanitse muri salon iwanje
Nta musi uhera ngo ndengane ntacitegereje

Canditseko amajambo nama niyumvirako
Ntigeze menyera na gato avuga ngo
"Ufise ubuzima bumwe gusa, vuba birahera,
Ico wakoze kubwa Kristo gusa nico kizosigara"
Mbwira ikintu umuntu yokora mu buzima
Kugira ashobore kuzana impinduka irama

Ic'ukeneye gusa n'ukumenya bike hama
Bihambaye, bike ariko vy'inkoramutima
Ivyo bintu bikaba arivyo bikuganza
Ubwenge, inkomezi hamwe n'uwawe mushaha
Bikagucakira, nawe ugafatwa navyo
Ukitegura kubaho canke no gupfa kubwavyo

Umve nkubwire, abantu bazanye impinduka kw'isi
Ntibar'abantu banononsoye ibintu vyinshi
N'abantu bihaye kuganzwa n'ibintu bike
Vy'ingirakamaro bakaba buvyihebere

Nimb'ukeneye agaciro kazanwa n'ubuzima bwawe
Ntabwo bigusaba kuba incabwenge idasanzwe
Ntibigusaba yuk'uba ur'umunyakaranga
Kuba ur'umutunzi, canke umwana wa kanaka

Canke ng'ube wize kw'ishure rikomeye
Menya bike ariko bihambaye ukeneye
Vya bindi vy'ubwiza, ukuri n'icubahiro
Biciye bugufi, maze ugahazwa navyo

None ni kuki abantu benshi biruka
Ariko ntihagire ikintu nakimwe gihinduka?
N'ukw'ico bihahamirira gusa ar'ugukundwa
Kumbure no guheza amashure bagatunga

Akazi keza, umugore canke umugabo mwiza
Hama abana beza, bakabera mu nzu nziza
Umuduga mwiza hamwe n'amagara meza
Gukukuruka neza maze bakipfira neza

No kumenya gusa ko batazoja mu muriro
Ntibiteho kumenya nimba ubuzima bwabo
Buriko burama ivyamwa vy'ibihe bihoraho
Ivyo jewe ndavyita isanganya rikomeye.

Ndabiginze reka ubu buzima bwanyu bukoreshwe
kubw'ikintu gihoraho c'agaciro cane
Ntimukarengera na gato mur'ubu buzima
Mudafise muri mwebwe icatsa imitima

Rondera ikintu catsa umutima n'ubuzima
Hama urondere amajambo agisobanura
Baho kubw'ico kintu itegurire kugipfira
Uzane impinduka irama nka Yesaya uvuge uti

Mbere mu nzira y'imanza zawe ziroranye
Uhoraho we ni ho twamye tukwitegeye
Izina ryawe n'ukuba rurangiranwa kwawe
Ni vyo imitima yacu ihahamiye cane

Ng'iki ico kwipfuzwa n'umushaha n'umubiri wose
Icipfuzo ca mbere c'agaciro n'ubwiza bwose
Gihaza imitima yacu birenze urugero
Nico cubahiro c'Izina ry'Uhoraho.
Akandi kabazo numva mfise nokubaza
Mbega abakristo ntibakwiye kuja gupagasa canke ni nk'abandi bose?

Ntibaja gupagasa nk'abarondera ubuzima
Baburonse igihe muri Yesu babutakaza

None ni kuki ab'isi batatubaza
Ivyizigiro bituganza maze bikadukomeza
Ni kubera iyo batwitegereje neza
Bahora basanga ivyo bizigiye n'ivyacu bisa

Sasa ndabaza, nimba tudasangiye imizi
Ni gute twosangira kubora, twese n'ibiyashu man
Niwe muzabibu, natwe tukaba amashami
Ntaco twokora kirama tudashingiye ku Mwami

Yesu Kristo niwe Muzabibu w'ukuri
Ishami ryose ryo muri we ritama arikuraho
Hama iryama ryose akarituturiraho
Kuko ryisunze ic'agaciro kandi gihoraho

Nimba twizera Imana gusa kugira ngo
Itugabire ibindi bintu vyose atari Yo Nk'inganire iduhaza ntituba tuyizeye
Mu buryo buyibereye nk'ubutunzi bwa mbere

Tuba turiko dupfisha ubusa ubuzima igihe
Tutari busenge ngo turote twiyumvire
Dutunganye, dukore vyose mu gushemagiza Imana Data mu bice vyose vy'ubuzima

Imana iradukunda mu kutubohora ubuja
Bwo kwiraba bushingiye kuri twebwe gusa Kugira tunezerererwe kuyimenya
Kuyimenyekanisha nyuma yo kuyikunda

Uno musi abavyeyi mu myaka yabo ya nyuma
Barumva bokwikingira mu kurungika abana Mu bihugu vyo hanze ngo baje gupagasa
Nibamara kuronka bakazobibasubiza

Mu kubahereza, ubuzima bwiza
Busumba ubwo bobo bashitseko bakibasha
Baki sécuriza mu misi yabo y'ubusaza
Bakabarungika nk'ababizerako urukiza

Biciye mur'uno mudiho n'ururirimbo
Ndasemerera nti "Ntimukagure iyo indoto"
N'umutima wanje wose ndabinginga
Kutagura iyo ndoto igezweho, yitwa nziza

Y'ubuzima bwiza, gukukuruka neza
Kwegeranya amahema no kukusanya aya nyuma
Imbere yo kurenguka ku Muremyi w'isi
Gutanga icegeranyo c'ivyo wakoze vyose

Sinibaza k'uyigeze imbere uzovuga
Ngo Mana raba inzu nubatse rab'uyu muduga
Ngo ng'ibi ivyo negeranije vyose kw'isi
Ndagusavye yaco upfisha ubuzima ubusa

Ivy'uzoba waregeranije ukiriho
Ntakizoba gifise agaciro gahoraho
Ni Yes'atubera ic'ubuzima butoduha
Akazotubera n'ic'urupfu rutotwaka

Ubuzima N'iki? Ubuzima ni nk'indoto
Turota mw'ijoro ikarangira mu gatondo
Bumeze nk'ivyatsi bishurika bigakura
Hageze ku mugoroba, bakabitema bikuma

Tukivuka tuba tugumbiriye urupfu
Imyaka yacu yahinduwe kuba nk'umukungungu
Indoto zacu zidashingiye kw'ijuru n'ubujuju
Kukw'ari nk'umusi umwe, imyaka igihumbi yacu

Bavuga ngo "Dream Big", "Rota Binini
Ariko nta bunini burut'ibihe bidashira
Indoto zacu zose zidashingiye ku Mana
N'indoto zo hasi, zipfuye kandi z'icana

Не удается загрузить Youtube-плеер. Проверьте блокировку Youtube в вашей сети.
Повторяем попытку...
El Malakay - UBUZIMA (Official video) ft Hosy

Поделиться в:

Доступные форматы для скачивания:

Скачать видео

  • Информация по загрузке:

Скачать аудио

Похожие видео

Malakay-Intahe mu gahanga

Malakay-Intahe mu gahanga

Джем – El Malakay - UBUZIMA (Official video) ft Hosy

Джем – El Malakay - UBUZIMA (Official video) ft Hosy

ibitero simusiga,Gen ararashwe ,benshi bapfiriye mugitero byari amaraso

ibitero simusiga,Gen ararashwe ,benshi bapfiriye mugitero byari amaraso

Hosy Irakoze winjiza angahe kuri youtube? Karababa Ep 7 @sirenvibestv@alvinsmithofficial

Hosy Irakoze winjiza angahe kuri youtube? Karababa Ep 7 @sirenvibestv@alvinsmithofficial

Vladimir Putin (Igice Cya 2) - IJAMBO RYAHINDURA UBUZIMA EP412

Vladimir Putin (Igice Cya 2) - IJAMBO RYAHINDURA UBUZIMA EP412

Fionah

Fionah

El Malakay - PAR ET POUR TOI - ft Sybelle (Official Video)

El Malakay - PAR ET POUR TOI - ft Sybelle (Official Video)

WAHOZEHO-  CHRYSO NDASINGWA [OFFICIAL VIDEO]

WAHOZEHO- CHRYSO NDASINGWA [OFFICIAL VIDEO]

El Malakay - UMUSOZI - ft Divin Gift & Gaga (Official Video)

El Malakay - UMUSOZI - ft Divin Gift & Gaga (Official Video)

Ninde? TUVAHE TUKAJAHE

Ninde? TUVAHE TUKAJAHE

Urampagije - REVEAL JESUS (Anrison Vestine, Adèle, Elvis M, Paddy Daniel)

Urampagije - REVEAL JESUS (Anrison Vestine, Adèle, Elvis M, Paddy Daniel)

EL PRO - Cupa ( Official Visualiser)

EL PRO - Cupa ( Official Visualiser)

Rutuma ndirimba || James&Daniella

Rutuma ndirimba || James&Daniella

Intahe ya Hosy😭AHA MUMBONA NGEZE JE NARADANDAJE INTORE N’iTOMATE KUGIRA NGABURIRE UMWANA NANJE MBEHO

Intahe ya Hosy😭AHA MUMBONA NGEZE JE NARADANDAJE INTORE N’iTOMATE KUGIRA NGABURIRE UMWANA NANJE MBEHO

B-Face - Ibiri k' umutima 5 (Official Audio)

B-Face - Ibiri k' umutima 5 (Official Audio)

ЧТОБЫ ИЗМЕНИТЬ ЖИЗНЬ, НЕ ТРЕБУЕТСЯ КРУПНЫХ ВЕЩЕЙ

ЧТОБЫ ИЗМЕНИТЬ ЖИЗНЬ, НЕ ТРЕБУЕТСЯ КРУПНЫХ ВЕЩЕЙ

BWIZA   -  NO BODY  ft  DOUBLE JAY  ( Official Video)

BWIZA - NO BODY ft DOUBLE JAY ( Official Video)

Chorale Saint Dominique de Bujumbura - Ko Ngihema [Official Music Video]

Chorale Saint Dominique de Bujumbura - Ko Ngihema [Official Music Video]

MTC - Umuvyeyi (Official Music Video)

MTC - Umuvyeyi (Official Music Video)

Dore Kristo - Niragire Ft Jonathan, Gedeon, Esron

Dore Kristo - Niragire Ft Jonathan, Gedeon, Esron

© 2025 ycliper. Все права защищены.



  • Контакты
  • О нас
  • Политика конфиденциальности



Контакты для правообладателей: [email protected]