Nyeniteka SINZOHAGERA yaritavye Igikorane c’Ishengero rya Méthodiste Unie i Kayero
Автор: Inama Nkenguzamateka
Загружено: 2020-12-15
Просмотров: 458
Описание:
Ku magenekerezo ya 4, 5 na 6 Kigarama uno mwaka, Umukuru w’Inama Nkenguzamateka, Nyeniteka Emmanuel SINZOHAGERA, aherekejwe n’umutambukanyi wiwe, yarifadikanije n’abakristo b’Ishengero rya Méthodiste Unie mu gikorane categuwe na paroisse Kayero yo muri komine Mpinga-Kayove, mu ntara ya Rutana.
Mw’ijambo yashikirije, Nyeniteka SINZOHAGERA yahamagariye abarundi kubandanya babana mu mahoro mu kwirinda indyane aho zozanana hose, kuko ari ho bazoshobora no gukora ibikorwa vyo guteza imbere igihugu n’imiryango yabo. Yaciye amenyesha ko ivyo vyose bishoboka ari uko umuntu yiyeguriye Imana.
Umukuru w’Inama Nkenguzamateka yasavye urwaruka rwo muri Méthodiste Unie kudasigara inyuma no kuja hamwe bagategura neza imigambi yo kwiteza imbere kugirango bazoshobore guhabwa ingurane mw’Ibanki y’urwaruka. Yaboneyeho akaryo ko kumenyesha abakenyezi ko Reta igiye gushinga Ibanki izobafasha mu kwiteza imbere. Yaciye abasaba kuja hamwe kugira bazoshobore kuronswa ingurane.
Mu nyigisho yatanze, Nyeniteka SINZOHAGERA yashimikiye ku bijanye n’ingene umuntu wese yomenya ivyo asaba Imana, yongera abahanura kudasabira ibibi abansi babo.
Ico gikorane kirangiye, abakristo bo muri paroisse Kayero baciye bashikiriza ba ntahonikora n’abageze mu za bukuru imfashanyo igizwe n’uburengeti. Bongeye barashikiriza Nyeniteka Emmanuel SINZOHAGERA utuganuke dutandukanye harimwo n’ishashi y’inka.
Повторяем попытку...
Доступные форматы для скачивания:
Скачать видео
-
Информация по загрузке: