Iperereza rigira rimwice Minister Dr.Alain nkuko bishe Minister Emmanuel Niyonkuru ?
Автор: URUGENDO NEWS
Загружено: 2025-12-29
Просмотров: 9428
Описание:
Mu mpera za kigarama 2016, umuryango wa Prezida Nkurunziza waratunganije igikorane muri komine Bukemba, mu ntara ya Rutana. Co kimwe n'abandi bategetsi, umushikiranganji w'amazi, ibidukikije, amatongo n'ibisagara, Emmanuel Niyonkuru, yaritavye ico gikorane.
Muri ico kiringo nyene, haravugwa ihinguriro ryo guhingura ifumbire ryariko rirubakwa i Bujumbura. Abarwizatunga babiri bakomeye b'abanyarutana, Adrien Ntigacika batazira Ziranotse na Evariste Nyandwi batazira Matwi, nibo bavugwa ko boba ari bene iryo hinguriro.
👉🏾👉🏾👉🏾 Rutana, umugoroba wo ku wa 28.12.2016, umushikiranganji Emmanuel Niyonkuru yagorobeje hamwe n'abo barwizatunga babiri Ziranotse na Matwi, mu kirabo ca kijambere bita "Ku Muco" kiri ku murwa mukuru wa Rutana. Abababonye bavuze ko baboneka nk'abariko biga ikibazo gikomeye.
👉🏾👉🏾👉🏾 Rutana, umugoroba wo ku wa 29.12.2016. Ba bagabo batatu bahuriye mw'ihoteri 3M yo ku murwa mukuru wa Rutana nyene. Naho nyene baboneka nk'abari mw'ijambo rikomeye. Kugeza ubu, ico bariko baraganirako nticigeze gishirwa ahabona. Ico bikoze, imigoroba ibiri ikurikira yabaye iyo kwica Matwi na Emmanuel Niyonkuru ! Ni ukuvuga muri batatu bari bagumye bahura ico gihe, uwutishwe ni Ziranotse wenyene.
🔴 Inyuruzwa rya Evariste Nyandwi
👉🏾👉🏾👉🏾 Rutana, umugoroba wo ku wa 30.12.2016, igikorane cari carangiye. Uwo mugoroba, Évariste Nyandwi yitavye telefone y'umukozi w'iperereza mu Rutana, yitwa Zachée Niyomwungere, baca bavugana aho bahurira. Matwi yaragiye, ntiyagarutse. Bukeye, imodoka yiwe yo mu bwoko bwaToyota Prado yatowe iri yonyene hafi ya stade mu Rutana.
Amatohoza ya Ndondeza avuga ko Matwi yanyurujwe na bamwe mu bacungera Prezida Nkurunziza, boba bamujanye iryo joro kugera i Mwumba mu ntara ya Ngozi. Uwundi yavuzwe cane mu vyabaye uwo mugoroba ni Jovin Cishahayo yatwara iperereza mu ntara ya Rutana. Ubu imyaka 9 irarumanye ata n'umwe akurikiranywe kw'inyuruzwa rya Evariste Nyandwi batazira Matwi.
🔴 Igandagurwa ry'umushikiranganji Emmanuel Niyonkuru
👉🏾👉🏾👉🏾 Bujumbura, 31.12.2016. Umushikiranganji Emmanuel Niyonkuru yari yaraye agarutse i Bujumbura avuye mu Rutana. Guhera isaha zibiri z'ijoro, Emmanuel Niyonkuru yagorobereje ku kirabo bita "Chez André". Inyuma y'isaha zitandatu z'ijoro niho yasohoka Chez André, arataha. Mu modoka, hariho umwigeme bagiye bajanye, bose bicaye imbere. Amasoko yacu yemeza ko hari umuntu w'umugabo yari yinjiye mu modoka y'umushikiranganji ikiri kuri Chez André, araheza aguma anyegeye amaja inyuma.
Agishika iwe mw'i Rohero, abanyezamu baramwugururiye. Ako kanya nyene Emmanuel Niyonkuru aca araraswa. Igipolisi cavuze ko uwamurashe biboneka ko yari mu modoka kandi ko Niyonkuru yarasishijwe inkoho nto bita pistolet. Emmanuel Niyonkuru yaciye acikana ubwo nyene. Hari isaha zitandatu z'ijoro n'iminota 45.
Amatohoza y'iperereza ntiyigeze arondera kumenya isano riri hagati y'inyuruzwa rya Matwi n'igandagurwa rya Emmanuel Niyonkuru. Umwigeme bari kumwe be n'abanyezamu bamwugururiye urupangu nibo bakurikiranywe.
🔴 Iyicwa rya Zachée Niyomwungere
👉🏾👉🏾👉🏾 Rutana, ntwarante 2017.
Wa mukozi w'iperereza Zachée Niyomwungere yahamagara Matwi, yahavuye atumwako ku rugo rw'uwatwara iperereza mu Rutana, Jovin Cishahayo. Zachée yarakubiswe arashaya, yagirizwa ko yamenye ibanga ku bijanye n'inyuruzwa rya Matwi. Yavuye ngaho kwa Jovin ari intere, ahava ajanwa mu bitaro, ari naho yacikaniye ku wa 14.3.2017. Ariko yapfuye yaravuze ico yakubitiwe. Nta matohoza yigeze akorwa ku rupfu rwa Zachée Niyomwungere.
🔴 Inguvu za FOMI ziva hehe ?
Kuva FOMI yubakwa iboneka nk'ishirahamwe ridasanzwe. Imaze kwugururwa, yaravuzwe cane ko yarimwo Prezida Nkurunziza na Général Alain Guillaume Bunyoni, n'ibindi bihangange. Haragiye haravugwa amakuru menshi y'ingene amamiliyaridi menshi cane yagiye arava mw'ibanki y'igihugu BRB arungikwa muri FOMI mu gihe ca Prezida Nkurunziza no mu gihe ca Leta ya Bunyoni.
Ivyo umushikiranganji Alain Ndikumana aherutse gushira ahabona vyerekana ko FOMI ishobora kuba yabandanije kuyora amamiliyaridi menshi cane mu kigega ca Leta n'inyuma y'ipfungwa rya Bunyoni. None izi nguvu zibandanya kuva hehe ? Kwumva ko ishirahamwe ryigenga ryubahuka kwiyandikira contrat nshasha, rikiha hafi imiliyaridi 100, rigashira umushikiranganji w'ikigega ca Leta ngo sinya hanyuma mumpe ayo mahera, ni ikimenyetso kitabesha ko iryo shirahamwe rishigikiwe n'abatwara igihugu. Hari abavuga ko FOMI yoba isigaranye Reveriyano Ndikuriyo n'ikindi gihangange c'umujenerari....
Hari abandi bavuga ko ikibazo ca FOMI kigoye kumenya neza uko cifashe mu gihe Prezida Ndayishimiye nawe afise ishirahamwe ryiwe rishasha ryo gukora ifumbire. Ni ishirahamwe ryubatswe muri komine Bugendana. Bamwe barakeka ko Ndayishimiye n'abo bari kumwe bafise intumbero yo kwugaza FOMI mu Burundi kugira amafaranga ya Leta itwar#amakuru_atarikwivumbi
#urugendo_news
#daniel_mugisha
#news_updats_interview
Amakuru 🅱🅱C Gahuzamiryango
Amakuru ya Haguruka yihuta
Amakuru yinzamba yihuta
Amakuru ya Peace FM yihuta
Amakuru n'ibiganiro bicukumbuye
Повторяем попытку...
Доступные форматы для скачивания:
Скачать видео
-
Информация по загрузке: