Ivyo ata muntu avuga ku rupfu rw’ivyuma bizunguruka isi
Автор: Olivier Média
Загружено: 2026-01-15
Просмотров: 46
Описание:
Hejuru y’umutwe wacu, mu kirere, hari ibikoresho vy’abantu bigira ubuzima bwavyo: biravuka, bigakura, bigakorera isi, hanyuma bigapfa. Ivyo ni satélite. N’aho tutazibona n’amaso, satélite zigira uruhara runini cane mu buzima bwa misi yose: mu gukurikirana isi, ibihe vy’ikirere, amazi, uburimyi n’umutekano w’abantu.
Iyi documentaire iragushikana mu rugendo rudasanzwe rwo kumenya satélite kuva igihe zubakwa n’abantu, uko zirungikwa mu kirere, uko zikora akazi kazo umusi ku wundi, gushika igihe zisazira zigapfa. Ariko inkuru ntihera aho. Iyo satélite ipfuye, ntihera burundu; iguma mu kirere, igahinduka imyanda ishobora guteza ingorane zikomeye kwisi n’abantu.
Muri iyi video, turasesengura ingaruka z’urupfu rwa satélite ku kiremwa muntu: ku buhinzi, ku gukurikirana ibihe, ku gutabara mu bihe vy’ibiza, no ku micungararo y’ibihugu. Iyi ni inkuru y’iterambere ry’umuntu, ariko kandi ni inyigisho itwibutsa ko ivyo dukora mu kirere bishobora gusigira isi ingaruka z’igihe kirekire.
Iyo documentaire igufasha gutahura ibintu vyinshi vyihishije mu kirere, mu mvugo yoroshe, yumvikana, kandi ifise accent yacu yo mu Burundi.
#Satélite
#IvyibangaVy’Ikirere
#DocumentaireYukuri
#Ubumenyikw’Isi
#IkirereN’abantu
#IterambereRyUmuntu
#UbumenyiBwIsi
Повторяем попытку...
Доступные форматы для скачивания:
Скачать видео
-
Информация по загрузке: