ELIAS B SOFTMAN// MENYA AMATEKA YIWE
Автор: Intsinzi Motivation 🔥
Загружено: 2025-04-12
Просмотров: 994
Описание:
Elias B Softman – Amateka mu ncamake (Biography)
Elias B Softman ni umuririmvyi w’umurundi afise impano idasanzwe. Yavutse mu 1991, mu ntara ya Kirundo, ari umwana wa 10 mu muryango wa Riragendanwa Joseph na Miburo Clotilde. Amashure yisumbuye yayigiye ahantu hatandukanye nka Collège Nyarunazi, Lycée Kigozi, Lycée Marembo, hamwe na Lycée Espérance de Ngozi.
Elias B ni umuririmvyi akunzwe cane mu Burundi kubera indirimbo ziwe ziryoheye amatwi, zifise ubutumwa bukora ku mutima. Azwi cane mu ndirimbo nka “Birengeko”, “Eliane”, hamwe na “Mabukwe”. Ni n’umuhanga mu gucuranga gitari no kwandika indirimbo zirimwo ubuzima n’inkuru z’abantu benshi.
Naho yigeze guhagarika umuziki, Elias B yaragarutse afise inguvu nshasha, azanye album yitwa “Icamaamare”, irimwo indirimbo cumi zifise ubuhanga n’ubutumwa. Iyo album ni ikimenyetso c’uko atigeze areka indoto ziwe.
Afise umwana w’umuhungu yitwa Meroe Kirumara K.A Merkis, ariko ntarubaka urugo. Elias B ni umwe mu banditsi b’indirimbo batatu b’imena mu gihugu c’Uburundi, kandi aguma atangaza benshi n’impano yiwe idasanzwe.
Elias B Softman ni ikirangirire, ni ijwi ry’Uburundi, ni intwari y’umuziki nyarucamagenga.
#share #comment #subscribe
Повторяем попытку...
Доступные форматы для скачивания:
Скачать видео
-
Информация по загрузке: